banniere burundi
bdi burundi ouganda cnddfdd 0 13062026 cnddfdd

Burundi , Uburundi / Uganda : CNDD-FDD na NRM biyemeje gukomeza ubufatanye bwa politike n’iterambere ry’akarere

Amashirahamwe ari ku butegetsi mu Burundi no muri Uganda akomeje gutsimbataza imigenderanire ya kivukanyi n’ugusangira uburambe. Kampala, 13/05/2026 (BdiAgnews) – Ku ruhande rw’ibirori vy’irahira rya Nyenicubahiro Yoweri Kaguta Museveni, Perezida wa Repubulika ya Uganda akaba n’Umukuru w’umugambwe National Resistance Movement (NRM), habereye inama ikomeye ku cicaro ca NRM i Kampala hagati y’indongozi za NRM n’intumwa…

Read Full News
bdi burundi ouganda 03a 12052026 cnddfdd

Burundi, Uburundi / Uganda – Dipolomasi y’amashirahamwe ya politike : Ndikuriyo Révérien yagendeye NRM i Kampala

CNDD-FDD na NRM bariko barakomeza imigenderanire ya kivukanyi n’ubufatanye bwa politike. Kampala (Uganda), 12/05/2026 (BdiAgnews) – Umunyamabanga Mukuru wa CNDD-FDD, Nyakwubahwa kandi akunzwe cane Ndikuriyo Révérien, kuva ku wa 10 Rusama 2026 ari i Kampala muri Repubulika ya Uganda, aho yatumiriwe na mugenzi we wo mu mugambwe National Resistance Movement (NRM), umugambwe uri ku butegetsi…

Read Full News
bdi burundi abakenyererarugambaday 09 12042026 ntahirajatherence

Uburundi / Diaspora – Ububiligi, CNDD-FDD : Ibirori vya 5 vya « Abakenyererarugamba Day » — vy’abakenyezi bari mu vya poritike, vyabereye i Lot

Umunsi wahariwe umuco, amateka na poritike mu bakenyezi ! Lot (Ububiligi), 11/04/2026 — Mu gihe hari hahariwe abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD, harimwo Kubwayo Félix, umunyamabanga wa CNDD-FDD mu Bubirigi, ari kumwe n’umugwi wiwe ushizemwo Ntimpirantije Abel (umuntu afise ikibanza gikomeye mu mateka y’Uburundi : umwe mu bashize umukono ku rwandiko ruzwi cane rwo ku wa 22…

Read Full News
bdi burundi presidence a01113 04042026 intumwaburundi

Burundi, Uburundi / Politike : Ndikuriyo Révérien ashikanye ku makomine 41 kuri 42 amaze kugendako mu mezi abiri

Urugendo rw’igihugu cose rw’Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD ruri hafi kurangira inyuma y’amezi abiri y’ibikorwa ku rubuga. Gitega, 4/04/2026 (BdiAgnews) – Mu gukomeza ingendo ziwe zo kwegera abanyagihugu no gukurikirana imigambi y’iterambere, Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Nyakubahwa cane Ndikuriyo Révérien, yagendeye kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2026 amakomine ya Muhanga na Gitega, aho…

Read Full News
bdi burundi cnddfdd 1 03042026 cnddfdd

Burundi, Uburundi / Tchad : CNDD-FDD na MPS bongereye ubufatanye bwabo bw’ikirenga

Amashirahamwe yombi arongoye ibihugu vyabo yiyemeje gushira mu ngiro ubufatanye bufatika kandi bugaragara. N’Djamena (Tchad), 26 Ntwarante 2026 (BdiAgnews) – Umurwa mukuru wa Tchad, N’Djamena, wakiriye ku wa 26 Ntwarante 2026 inama yo ku rwego rwo hejuru yahuje Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Nyakubahwa cane Ndikuriyo Révérien, hamwe na Aziz Mahamat Saleh, Umunyamabanga mukuru w’umugambwe Mouvement…

Read Full News
bdi burundi fdnb 03 28032026 cnddfddburunga

Burundi, Uburundi / Politike – Makamba : Abagumyabanga bo muri Gatabo bahimbaje intsinzi y’amatora ya 2025

Abanywanyi ba CNDD-FDD bashimiye intsinzi y’amatora n’ibikorwa vya Leta mu karere ka Gatabo. Makamba (Burunga), 28/03/2026 (BdiAgnews) – Ku wa gatandatu igenekerezo rya 28 Ntwarante 2026, abagumyabanga bo muri zone Gatabo, komine Makamba, barahimbaje intsinzi baherutse kuronka mu matora ya 2025, mu birori vyaranzwe n’akanyamuneza n’ugusangira, aho banakengurukiye cane ivyiza bamaze kugerako biciye ku bikorwa…

Read Full News
ua

Burundi , Uburundi / Rwanda – Ubumwe bwa Afurika : Ukutumvikana hagati ya Kigali na Gitega inyuma y’ugutsindwa kw’ishigikira rya Macky Sall

Ukutumvikana ku bijanye n’uburyo bwakoreshejwe n’ugutera amajambo hagati y’impande zibiri inyuma y’ihagarikwa ry’ugutora mu buryo bwa “silence” muri UA Addis-Abeba (Ethiopia), 27 Ntwarante 2026 (BdiAgnews) – Ugutsindwa kw’uburyo bwa “silence” bwari bwatangujwe na Komisiyo y’Ubumwe bwa Afurika (UA) mu gushigikira kandidatire ya Macky Sall ku kibanza c’Umunyamabanga Mukuru wa ONU, kwatumye haba ukutumvikana gukomeye mu…

Read Full News
bdi burundi chine cnddfdd pcc cooperation 04 23032026. cnddfdd

Burundi / Uburundi – Ubushinwa : CNDD-FDD na PCC bakomeje gutsimbataza ubufatanye bwabo

Ndikuriyo Révérien yakiriye uwuserukira Ubushinwa Zhu Kewei baganira ku gukomeza imigenderanire hagati y’imigambwe ibiri. Bujumbura, 23/03/2026 (BdiAgnews) – Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Ndikuriyo Révérien, yakiriye ku wa 23 Ntwarante 2026 i Bujumbura uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, Zhu Kewei, aho baganiriye ku buryo bwo gukomeza ubufatanye no gutsimbataza ubucuti hagati ya CNDD-FDD n’umugambwe w’Abakomunisiti b’Ubushinwa…

Read Full News
bdi burundi ceni itegurwa amatora 01 19032026 lerenouveau

Burundi / Uburundi : CENI itanguye kwitegura amatora y’Umukuru w’Igihugu yo mu 2027

Inyigisho ku bakozi ba CENI zitanguye mu rwego rwo gutegura amatora y’Umukuru w’Igihugu. Bujumbura, 19/03/2026 (BdiAgnews) – Komisiyo y’Igihugu y’Amatora Yigenga (CENI) mu Burundi yatanguye ku wa 19 Ntwarante 2026 inyigisho zimara imisi itatu zigenewe gukomeza ubumenyi bw’abakozi bayo, mu rwego rwo gutegura amatora y’Umukuru w’Igihugu ategekanijwe mu 2027, nk’uko vyashikirijwe n’umukuru wayo, Ntahorwamiye Prosper,…

Read Full News
bdi burundi diplomatie audiences bujumbura 000 18032026

Burundi / Uburundi : Gukomeza gutsimbataza imigenderanire n’Uburusiya, Afurika y’Epfo n’Ubushinwa

Inama zabereye i Bujumbura zerekana ukuntu Uburundi buriko burakomeza imigenderanire n’ibindi bihugu. Bujumbura, 18/03/2026 (BdiAgnews) – Umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, Ndabirabe Gélase Daniel, yakiriye mu nama y’akazi uwuserukira igihugu c’Uburusiya mu Burundi mushasha, Chernenko Sergey Vladimirovich, yari aje mu rugendo rw’iteka, hamwe n’uwuserukira Afurika y’Epfo mu Burundi, Bungane Shadrack Mbulelo, aho baganiriye ku gukomeza imigenderanire…

Read Full News