
Amashirahamwe ari ku butegetsi mu Burundi no muri Uganda akomeje gutsimbataza imigenderanire ya kivukanyi n’ugusangira uburambe.
Kampala, 13/05/2026 (BdiAgnews) – Ku ruhande rw’ibirori vy’irahira rya Nyenicubahiro Yoweri Kaguta Museveni, Perezida wa Repubulika ya Uganda akaba n’Umukuru w’umugambwe National Resistance Movement (NRM), habereye inama ikomeye ku cicaro ca NRM i Kampala hagati y’indongozi za NRM n’intumwa z’umugambwe CNDD-FDD zari zirongowe n’Umunyamabanga Mukuru w’umugambwe, Nyakwubahwa kandi akunzwe cane Ndikuriyo Révérien ; iyo nama iri mu murongo wo gukomeza imigenderanire ya kivukanyi n’amateka asangiwe hagati y’ayo mashirahamwe ari ku butegetsi, ahuriye ku ciyumviro co gukomeza umutekano, ubwigenge bw’ibihugu, amahoro arama n’iterambere ry’abanyagihugu bo mu karere ; Umunyamabanga Mukuru wa NRM, Richard Todwong, yarashimye imigenderanire iri hagati ya NRM na CNDD-FDD, avuga ko ari inkingi ikomeye mu gutsimbataza ubumwe hagati y’amashirahamwe ya politike y’akarere yiyemeje impinduka n’iterambere ; ayo mashirahamwe yemeranije gukomeza ubufatanye biciye mu gusangira uburambe no gutegura imigambi ihuriweko, cane cane ku rwaruka, abagore n’abahoze ku rugamba, mu ntumbero yo guteza imbere ubuyobozi bushingiye ku gukunda igihugu, kwigenga kw’urwaruka n’abagore, hamwe no gukomeza gutanga ku ruvyaro rushasha intwaro z’amahoro, ubumwe n’ukwihangana ; intumwa za CNDD-FDD zarashimangiye ubushake bw’umugambwe bwo gukomeza ubufatanye bwubaka n’amashirahamwe ya politike ya kivukanyi yo mu karere, hubahirijwe icubahiro hagati y’impande zose n’inyungu z’abanyagihugu ba Afrika ; iyo nama yabaye inyuma y’indwi zibiri gusa Umunyamabanga Mukuru wa NRM agendeye i Gitega mu Nama Nkuru Idasanzwe ya CNDD-FDD, aho Nyenicubahiro Ndayishimiye Évariste yari yatorewe kuba umukandida w’umugambwe mu matora y’Umukuru w’Igihugu.


DAM, NY, AGNEWS : burundi-agnews.org, Ku wa gatatu 13 Rusama 2026 | Ifoto : CNDD-FDD