Burundi ,Uburundi : Bizimana yagenzuriye politike yo kurungika abakozi mu mahanga

Leta y’Uburundi yaneguye amakosa n’akarenganyo biri mu bigo vyigisha abitegura kuja gukora hanze.

Bujumbura, 15/05/2026 (BdiAgnews) – Mu rwego rwo gukurikirana imibereho y’Abarundi barungikwa gukora mu bihugu vy’Abarabu, Umushikiranganji w’Ububanyi n’Amahanga n’Ubufatanye mpuzamakungu, Bizimana Édouard, yagendeye atabiteguje ibigo bitandukanye vyigisha abakozi bimirije kuja gukora hanze kugira arabe uko bitwararika abo bariko barategura ; muri urwo rugendo, yarabonye ko hari amashirahamwe afise intunganyo ibereye mu gihe ayandi akirangwa n’ingorane zikomeye, harimwo uburaro bubi aho abantu benshi baba bacucitse mu cumba kimwe, hamwe n’abamaze kwishura amafaranga ariko bakamara amezi menshi canke umwaka urenga bataragenda ; anegura ivyo bikorwa, Bizimana Édouard yavuze ko abakozi b’Abarundi “atari ibidandazwa”, asaba ayo mashirahamwe kwubahiriza amasezerano yagiranye na Leta no gusaba abagenda gukora hanze kwigenza neza kugira bakingire ishusho y’Uburundi ; iyo politike yo kurungika abakozi hanze, inegurwa cane n’igice c’Abarundi nk’ingaruka z’ivyitwa Globalisation Unipolaire Américaine Néolibérale (GUAN), ibonwa kandi nk’ikimenyetso c’uko politike y’imibano n’ubutunzi mu Burundi itarabasha gutorera umuti ikibazo c’ubushomeri, cane cane kubera uburyo bw’indero n’inyigisho bwazanywe n’ubukoloni, bwubakiye ku nyungu z’ibihugu vy’Uburaya n’Amerika aho guhuza n’imibereho n’ivy’iterambere vy’Abarundi ; ivyo bikorwa vyahindutse ubudandaji ku bategetsi bamwe bamwe no ku mashirahamwe amwamwe, bituma havuka ubwoko bushasha bw’abari muri diaspora y’Uburundi bugizwe n’urwaruka rwimukira kubera ubukene, aho benshi mu bamaze gushika hanze badasubira kugaruka mu gihugu.

IVYIFASHISHIJWE :

  1. Nahimana Karolero Pascal, Histoire du Burundi : Les grandes dates de l’histoire des Barundi et de l’État millénaire africain – Ingoma y’Uburundi, Bruxelles, Génération Afrique, 2024.
  2. Sindayigaya Jean-Marie, « Mondialisation – Le nouvel esclavage de l’Afrique », Paris,  L’Harmattan, 2000
  3. Nahimana Karolero Pascal, La guerre civile du Burundi (1993-2003). Face à la globalisation unipolaire américaine néolibérale, le CNDD-FDD, Bruxelles, Génération Afrique, 2024.
  4. Nahimana Karolero Pascal, Burundi : La diaspora burundaise – Du monde, de Belgique et d’ailleurs – Histoire, trajectoires et ancrage, Bruxelles, Génération Afrique, 2025.
  5. Nahimana Karolero Pascal, Réfugiés du Burundi — Quand Ingoma s’est tu. Histoire géopolitique d’un peuple brisé par la colonialité, Bruxelles, Génération Afrique, 2025.
  6. Kubwayo Félix, Le regard rétroactif du Burundi politique, Bruxelles, 2026.
  7. Bigirimana Jean, Réinventer le Burundi : L’énergie, l’agriculture, les TIC et l’éducation comme fondements du futur, Les Éditions du Net, Bruxelles, 2025.
  8. Ndagijimana Benjamin, Une nation en marche : 60 ans de pièges déjoués — Ndayishimiye et le nouveau chapitre du Burundi, Éditions Burundi Imprimerie, Bujumbura, 2026.

         

DAM, NY, AGNEWS : burundi-agnews.org, Ku wa gatandatu 16 Rusama 2026 | Ifoto : RTNB.BI

News Reporter