Burundi / Uburundi : BRB ishira imbere ikoranabuhanga mu guteza imbere ubutunzi bw’igihugu

Internet yihuta n’uburyo bwo kwishura hakoreshejwe ikoranabuhanga biri ku mutima w’isemina y’itohoza rya BRB.

Bujumbura, 12/03/2026 (BdiAgnews) – Umukuru wa Banki Nkuru y’Uburundi (BRB), Edouard Normand Bigendako, yatanguje ku wa kane 12 Ntwarante 2026 i Bujumbura isemina y’itohoza rya BRB, ashimangira ko internet yihuta ifasha abikorera utwabo gukora neza ibikorwa vyabo vya misi yose kandi ikihutisha iterambere ry’ubutunzi bw’igihugu.  Iyi semina ihuza abashakashatsi n’inzobere mu vy’ubutunzi mu kiringo c’amezi abiri, kugira basesengure ingorane ziri mu rwego rw’ubutunzi bw’igihugu bongere barondere inyishu zifatika. Iki gikorwa kiributsa amateka y’ubutunzi bw’Abarundi. Ubumu, uburyo bwa kera bw’ubutunzi n’imibano vy’Abarundi, bwarahagaritswe inyuma ya jenoside yakorewe Abahutu b’Uburundi mu 1972, igikorwa casambuye Ingoma y’Uburundi maze gisubiriza ubwo butunzi bwari bumaze imyaka myinshi n’ubutunzi bw’isoko (capitalisme) bwazanywe n’Ibihugu vy’i Buraya n’Amerika. Muri iki gihe c’isi irimwo ibice vyinshi vy’ububasha, aho ihinduka ryihuse ry’ubwenge bwa none (intelligence artificielle) ririko rihindura amategeko y’ubutunzi kw’isi, Uburundi burabandanya kurondera ukuntu bwokwiteza imbere mu vy’ubutunzi biciye ku gukoresha ikoranabuhanga.

Ivyifashishijwe :

– Baranyanka Charles, Le Burundi face à la Croix et à la Bannière, Bruxelles, 2015. (La « Croix et la Bannière » désigne l’alliance historique entre le Vatican, la France — notamment via les Pères Blancs de Lavigerie —, l’Angleterre, l’Allemagne, la Belgique et les États-Unis contre l’ordre traditionnel burundais depuis le XIXᵉ siècle.)
– Nahimana Karolero Pascal, Histoire du Burundi : Les grandes dates de l’histoire des Barundi et de l’État millénaire africain – Ingoma y’Uburundi, Éditions Génération Afrique, 2024.
– Nahimana Karolero Pascal, Réfugiés du Burundi — Quand Ingoma s’est tu. Histoire géopolitique d’un peuple brisé par la colonialité, Bruxelles, Génération Afrique, 2025.

DAM, NY, AGNEWS : https://burundi-agnews.org, Ku wa kane 12 Ntwarante 2026 | Ifoto : Irebe FM

News Reporter