Burundi : I Gitega hizihijwe Umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka k’umugore

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yahamagariye kwubahiriza agateka k’umugore

Gitega, 09/03/2026 (BdiAgnews) – Muri uyu Munsi mpuzamakungu wahariwe agateka k’umugore, birakwiye kwibuka ko mu muco n’imitegekere vya kera vy’Uburundi, Ingoma y’Uburundi, umugore yari afise ikibanza gihambaye mu butegetsi bw’igihugu. Leta ya kera y’Abarundi yari yubakiye ku dyarchie, ihuriro ry’ubutegetsi hagati ya Mwami n’umugore nyeranda witwa Mukakaryenda, ari we Mugore w’Ingoma.  Kuva ku kirimba ciwe ca Buryenda, Mukakaryenda yari aserukira ububasha bw’ijuru mu gihugu c’Abarundi, ububasha bwari bufitaniye isano n’Ingoma nyeranda Karyenda, ikimenyetso c’ubutegetsi n’ubutungane bwari buyobora igihugu n’imibano y’Abarundi.  Iyo ringanizo yarahungabanye cane mu 1929, igihe Mukakaryenda yahindurwa idini ku nguvu n’abamisiyonari b’Abapere Blancs, aca yitwa Maria Ruburisoni. Iryo hinduka ryo mu vy’impwemu ryatumye Ubungoma (kamere y’ivyiyumviro vyiyumvira isi mu buryo bw’Ingoma) bugenda buzima buhoro buhoro, hamwe n’ikorwa ry’ikigo ca Karyenda, bituma n’iyo dyarchie ya kera irangira, Ingoma y’Uburundi igahinduka ubwami aho Mwami asigara ari we mutware umwe wa politike.

Ni muri uwo murongo w’amateka n’umuco vy’Uburundi aho Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste, Général-Major, ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe Ndayubaha Angeline, yifadikanije n’Abarundi mu kwizihiza Umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka k’umugore wabereye ku kibuga Ingoma i Gitega, ku civugo « Uruhara rw’umugore mu guteza imbere agateka n’ubutungane ku bose ».  Ivyo birori vyaranzwe n’akaririmbo k’abagore bo mu nzego z’umutekano n’ukwivuna abansi berekanye ubuhinga bwabo imbere y’Umugaba Mukuru w’izo nzego. Muri uwo munsi nyene, abagore nka cumi baratewe iteka kubera ibikorwa vyabo mu kurengera no guteza imbere agateka ka zina muntu.  Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu na we nyene yaratewe iteka kubera ibikorwa vyiwe mu guteza imbere amagara y’abakenyezi mu bijanye n’irondoka, hamwe no mu gutuma umugore agira ikibanza ciyongera mu mibano, mu bukungu no muri politike. Mu majambo yashikirije, Umukuru w’Igihugu yahamagariye abagore b’indongozi kwama bubahiriza amategeko no kurengera agateka k’umuntu wese abasaba ubufasha.

Ivyifashishijwe :

– Nahimana Karolero Pascal, Histoire du Burundi : Les grandes dates de l’histoire des Barundi et de l’État millénaire africain – Ingoma y’Uburundi, Éditions Génération Afrique, 2024.

🔗 https://nahimanakarolero.com

– Mbonyingingo Leona, L’Épouse du tambour, Montréal, 2025.

– Nahimana Karolero Pascal, Réfugiés du Burundi — Quand Ingoma s’est tu. Histoire géopolitique d’un peuple brisé par la colonialité, Bruxelles, Génération Afrique, 2025.

🔗 https://nahimanakarolero.com

DAM, NY, AGNEWS : https://burundi-agnews.org, Ku wa Kabiri 10 Ntwarante 2026 | Ifoto : Ntare Rushatsi House

News Reporter