Burundi / Afurika y’Epfo : CVR y’Uburundi yahuriye na diaspora i Pretoria

Ikibazo c’amatongo n’ibindi vyanyazwe kiri mu vyaganiriwe

Pretoria (Afurika y’Epfo), 08/03/2026 (BdiAgnews) – Intumwa za Komisiyo y’Ukuri n’Ukunywanisha Abarundi (CVR) zirongowe na Icegera c’Umukuru w’iyo Komisiyo Mgr Kimararungu Aimé J. zahuriye n’Abarundi baba mu mahanga baba muri Afurika y’Epfo, mu gisagara ca Pretoria, mu rugendo rugamije gusangiza diaspora ivyavuye mu bikorwa CVR imaze kurangura ku bijanye n’igihe c’amateka kuva 1885 gushika 2008 ; muri izo nama hibanzwe cane ku kibazo c’amatongo n’ibindi bintu vyanyazwe, ikibazo kiri mu vyibukwa cane mu mateka y’intureka zabaye mu Burundi. Komiseri Ambassadeur Selemani Mossi yahamagariye diaspora y’Abarundi kwitanga no kugira uruhara rugaragara mu gikorwa co kunywanisha Abarundi, gusangira uburambe bwayo no gufasha mu gusubiza hamwe igihugu no gutsimbataza imbabazi ; na ho Mgr Kimararungu yaremesheje abari bitavye iyo nama, abamenyesha ko abagizweko ingaruka n’inyagwa z’amatongo n’ibindi bintu bazosubizwa mu burenganzira bwabo, kandi ko CVR iriko irakora ibishoboka vyose kugira ubutungane bushirwe mu ngiro ata n’umwe mu bagizweko ingaruka yibagiwe. Komiseri Nijimbere Alice na we yibukije ko indishi ku barenganijwe ifise uburyo bwinshi, ashimangira ko ingingo za Leta zo guteza imbere uburenganzira bw’abanyagihugu hamwe n’ibikorwa vy’iterambere rusangi ari zimwe mu ntambwe zitanga icizere ku bindi bikorwa vy’indishi ; abari bitavye iyo nama, harimwo n’Ambassadeur w’Uburundi muri Afurika y’Epfo Bukuru Alexis, barashimye ibikorwa vya CVR, bagashima uruhara rwayo mu guteza imbere amahoro, ubutungane n’ukunywanisha Abarundi.

Ibitabo vyifashishijwe :

– Nahimana Karolero Pascal, Burundi : La diaspora burundaise – Du monde, de Belgique et d’ailleurs – Histoire, trajectoires et ancrage, Bruxelles, Génération Afrique, 2025.
– Nahimana Karolero Pascal, Réfugiés du Burundi — Quand Ingoma s’est tu. Histoire géopolitique d’un peuple brisé par la Colonialité, Bruxelles, Génération Afrique, 2025.
– Nahimana Karolero Pascal, Histoire du Burundi : Les grandes dates de l’histoire des Barundi et de l’État millénaire africain – Ingoma y’Uburundi, Bruxelles, Génération Afrique, 2024.
– Baranyanka Charles, Le Burundi face à la Croix et à la Bannière, Bruxelles, 2015.
– Kubwayo Félix, La lente reconnaissance du génocide de 1972 contre les Hutu du Burundi : Les faits et l’exécution du génocide par le pouvoir de Micombero, Bruxelles, 2025
– Ntibantunganya Sylvestre, Histoire d’un génocide occulté : Le Génocide des Bahutu du Burundi de 1972-1973, Ed. Sigumugani, 2025.

DAM, NY, AGNEWS :  https://burundi-agnews.org, Ku wa Kabiri 10 Ntwarante 2026 | Ifoto : CVR Burundi

News Reporter