Burundi / Uburundi : Umushikiranganji Hassan Kibeya yifadikanije n’Abaislamu i Bujumbura

Ibirori vyabereye ku cicaro ca COMIBU vyashimangiye ubufatanye hagati y’inzego za Leta n’Abaislamu.

Bujumbura, 24/03/2026 (BdiAgnews)- Umushikiranganji w’Ubutare, Amasoko ntanganguvu, Ubudandaji n’Ingenzi, Kibeya Hassan, yifadikanije ku wa 24 Ntwarante 2026 n’umuryango w’Abaislamu mu Burundi mu birori vyabereye ku cicaro gikuru ca COMIBU kiri i Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura, aho habaye umwanya wo gutsimbataza ubucuti no kwubaka ubufatanye hagati y’inzego za Leta n’abemera idini ya Islamu ; ivyo birori vyagaragaje intumbero yo gukomeza ubumwe bw’Abarundi, gutsimbataza imigenderanire myiza hagati y’imiryango igize igihugu hamwe no guteza imbere iterambere biciye mu bufatanye hagati y’amadini n’inzego za Leta.

DAM, NY, AGNEWS : burundi-agnews.org, Ku wa gatatu 25 Ntwarante 2026 | Ifoto : Bujaprov, mrmeict

News Reporter