
Amasezerano hagati y’Uburundi n’amashirahamwe y’Abanyamerika yasinyiwe i Washington
Washington (Reta Zunze Ubumwe za Amerika), 10/03/2026 (BdiAgnews) – Mu gihe hari hahari Minisitiri w’Uburundi ajejwe Amabuye y’Agaciro, Kibeya Hassan, hamwe n’Ambassadeur w’Uburundi muri Amerika, Barege Jean Bosco, Uburundi bwasinye ku wa kabiri igenekerezo rya 10 Ntwarante 2026 amasezerano akomeye n’amashirahamwe Lifezone Metals na KoBold Metals, mu birori vyabereye ku biro vya Departement d’État ya Amerika. Ivyo birori vyitabwe n’abategetsi ba Amerika barimwo Sarah Troutman, Deputy Assistant Secretary mu biro vya Afrika muri Departement d’État, bashimye ubwo bufatanye bugamije gukomeza imigenderanire y’ubudandaji hagati y’Uburundi na Amerika hamwe no gukomeza uburyo bwo kuronka amabuye y’agaciro afise akamaro kanini ku rwego mpuzamakungu, cane cane nikeli y’Uburundi. Abategetsi ba Amerika bashimangiye ko bashima intumbero y’Uburundi hamwe n’ukwitanga kw’abashoramari mu guteza imbere ubufatanye bwungura impande zompi no guteza imbere ubutunzi bw’akarere. Mu buryo bw’isesengura rya geopolitike n’amateka, ubwo bufatanye buboneka kandi mu murongo mugari w’ibiganiro bijanye na colonialité muri Afrika, aho bamwe mu basesenguzi bibutsa ko Amerika iri mu bihugu vyagize uruhara mu mpinduka za politike n’ubutunzi mu Burundi kuva mu kinjana ca 20.
Ivyifashishijwe :
– Baranyanka Charles, Le Burundi face à la Croix et à la Bannière, Bruxelles, 2015. (La « Croix et la Bannière » désigne l’alliance historique entre le Vatican, la France — notamment via les Pères Blancs de Lavigerie —, l’Angleterre, l’Allemagne, la Belgique et les États-Unis contre l’ordre traditionnel burundais depuis le XIXᵉ siècle.)
– Nahimana Karolero Pascal, Histoire du Burundi : Les grandes dates de l’histoire des Barundi et de l’État millénaire africain – Ingoma y’Uburundi, Éditions Génération Afrique, 2024.
– Nahimana Karolero Pascal, Réfugiés du Burundi — Quand Ingoma s’est tu. Histoire géopolitique d’un peuple brisé par la colonialité, Bruxelles, Génération Afrique, 2025.
– Nahimana Karolero Pascal, La guerre civile du Burundi (1993-2003). Face à la Globalisation Unipolaire Américaine Néolibérale, le CNDD-FDD, Bruxelles, Génération Afrique, 2024.
– Nahimana Karolero Pascal, Camps de concentration du Burundi (1996 – 2002) : Les oubliés des collines – Mémoires d’un peuple enchaîné, Bruxelles, Génération Afrique, 2025

DAM, NY, AGNEWS : https://burundi-agnews.org, Ku wa Kabiri 10 Ntwarante 2026 | Ifoto : GOV.BI / U.S. State Department