
Umukuru w’Igihugu yakiriye umushingantahe wa Lyca Group
Bujumbura, 27/02/2026 (BdiAgnews) – Umukuru w’Igihugu c’Uburundi kandi akaba ari Perezida w’Ubumwe bwa Afurika mu kiringo kiriko kiragenda, Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste, Général-Major, yakiriye mu biro iwe Mr Subaskaran Allirajah, Perezida akaba n’uwashinze Lyca Group, ari kumwe n’intumwa ziwe, baganira ku gukomeza ubufatanye hagati ya Lyca Mobile na Leta y’Uburundi ; biciye muri Lyca Mobile na Lyca Health, uwo mushoramari yamenyesheje ko yiteguye gushigikira Ibonakazoza 2040-2060, cane cane mu guteza imbere urwego rw’itumanaho n’ikoranabuhanga (TIC) hamwe n’urwego rw’ubuzima, mu ntumbero yo gushika ku kwagura serivisi z’ubuzima kuri bose no gukomeza ibikorwa remezo vy’ikoranabuhanga mu gihugu.

DAM, NY, AGNEWS : https://burundi-agnews.org, Ku wa Gatanu 27 Ruhuhuma 2026 | Ifoto : Ntare Rushatsi House