Burundi , Uburundi / Ubumwe bw’Afurika, ONU : Abasirikare 57 b’Abarundi bahawe inyigisho ku bijanye n’uguhangana n’ibitero vy’ikoranabuhanga muri Somaliya

Muri Somaliya, abasirikare 57 b’Abarundi basozereye inyigisho ku bijanye n’uguhangana n’ibitero vy’ikoranabuhanga

Jowhar (Somaliya), 4/05/2026 (BdiAgnews) – Abasirikare 57 b’Uburundi bari mu murwi wa AUSSOM bahawe, ku wa 4 Rusama 2026 i Jowhar Airfield, impamyabumenyi inyuma y’inyigisho zamaze iminsi 3 ku bijanye n’ugukoresha uburyo bwo guhangana n’ibitero vy’ikoranabuhanga (contre-mesures électroniques) zatanzwe na UNMAS ; izo nyigisho zigamije kubongerera ubushobozi mu gutahura no gukingira ingaruka z’ibisasu vyitwa Engins Explosifs Improvisés (EEI), mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu no gushigikira ibikorwa vyo kugarukana umutekano muri Somaliya.

   

DAM, NY, AGNEWS : burundi-agnews.org, Ku wa kabiri 5 Rusama 2026 | Ifoto : FDNB

News Reporter