
Umukuru w’Igihugu asubiramwo ukwiyemeza kwiwe mu mutekano, intwaro ibereye, indero no kurwanya ubukene.
Gitega, 26/04/2026 (BdiAgnews) – Inyuma y’uko yemejwe ku mugaragaro n’inama idasanzwe y’umugambwe CNDD-FDD nk’umukandida mu matora y’Umukuru w’Igihugu ya 2027, Perezida w’Uburundi, Nyenicubahiro Ndayishimiye Évariste, yarashimiye cane Abagumyabanga ku kwizera basubiye kumugirira no ku gushigikira ibikorwa vy’umugambwe, avuga ko yumva uburemere bw’ico kibanza kandi azogikora n’umwete mwinshi ; mu majambo yiwe, Umukuru w’Igihugu yamenyesheje ko ashaka kwihutisha iterambere ryatanguye mu gihugu, yiyemeza kuguma ari « umuyobozi w’icizere » mu kuyobora igihugu mu nzira y’iterambere n’iterambere rirama ; yarahamagariye kandi Abarundi bose guhagurukira hamwe mu kurwanya ubukene, ashimangira ko umwenegihugu wese ategerezwa kugira uruhara mu guteza imbere ubuzima bwiwe n’igihugu, anasezerana kongera inguvu mu bisata vy’ingenzi nk’umutekano, intwaro ibereye n’indero, cane cane mu guteza imbere ireme ry’inyigisho kugira havyarwe urwaruka rufise ubumenyi n’inshingano ; ku ruhande rwabo, Abagumyabanga ba CNDD-FDD baragaragaje umunezero mwinshi kuri iryo yemezwa, bashimishwa no kubona umukandida wabo asubiye gutorwa kugira abandanye ibikorwa vy’iterambere ry’Uburundi.

DAM, NY, AGNEWS : burundi-agnews.org, Ku wa mungu 26 Ndamukiza 2026 | Ifoto : Intumwa Burundi