Burundi , Uburundi / Iterambere rusangi : Kiremba yahamagariwe gukomeza ibikorwa vya TDC
Ibikorwa vy’iterambere rusangi vyerekanywe nk’inkingi y’iterambere rya komine n’igihugu.

Kiremba (Butanyerera), 16/05/2026 (BdiAgnews)Perezida w’Sentare Ntahinyuzwa y’Uburundi, Nkurunziza Gamaliel , yifadikanije kuri uyu wa gatandatu 16 Rusama 2026 n’abanyagihugu bo muri komine Kiremba mu bikorwa vy’Iterambere Rusangi (TDC) vyabereye ku mutumba Gitaro, aho bariko basiga sima ku vyumba bine vy’ishure biriko birubakwa ; imbere y’abajejwe intwaro n’abanyagihugu benshi, yashimye ibikorwa vy’iterambere bimaze kurangurwa muri iyo komine yavuze ko iriko iba akarorero keza, ashimangira ko ubumwe bw’abanyagihugu n’imigambi rusangi ari vyo bizofasha igihugu gushika ku cerekezo c’iterambere ; yarashimye kandi amabarabara y’amashami amaze kubakwa, asaba ko amazi meza ashikanwa kuri buri mutumba, yibutsa ko ibikorwa vya TDC vyatumye hubakwa amashure, amavuriro n’amazu y’abatishoboye ; Perezida wa Sentare Ntahinyuzwa yahamagariye kandi abavyeyi gukundisha abana amashure kugira ntihagire uw’imyaka yo kwiga asigara inyuma, anasaba abanyagihugu kwama babungabunga isuku y’umubiri n’iy’ibibakikije kugira bakingire amagara yabo.

       

DAM, NY, AGNEWS : burundi-agnews.org, Ku wa gatandatu 16 Rusama 2026 | Ifoto : RTNB

News Reporter