banniere burundi

Burundi, Uburundi : Fondasiyo Bonne Action Umugiraneza yaronse agashimwe k’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’abanyagihugu 2026

capture d’écran du 2026 04 19 22 25 22 capture d’écran du 2026 04 19 22 25 22

Agashimwe mpuzamakungu kerekana ibikorwa vyiza vyitaho imibereho myiza y’abanyagihugu.

Bruxelles (Ububiligi), 19/04/2026 (BdiAgnews) – Uburundi bwongeye kwibonekeza neza ku rwego mpuzamakungu inyuma y’itangazwa ry’uko Agashimwe k’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ku bijanye n’abanyagihugu – umwaka wa 2026 (mu gisata c’amashirahamwe) kagiye guhabwa Fondation Bonne Action Umugiraneza, ishirahamwe riyoborwa n’Umufasha w’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Ndayubaha Angeline; aka gashimwe gakomeye gatangwa n’United Nations kagenewe gushimira ibikorwa vy’indashyikirwa vy’iyo fondasiyo mu guteza imbere imibereho myiza y’abanyagihugu mu Burundi no mu karere ; Intumwa nkuru y’Uburundi mu Bubirigi, Ntahiraja Thérence, yarashikirije akeza n’ishimwe ryiwe ku Mupfasoni wa Perezida, anashimira ONU ku kubona no gushimira ivyo bikorwa vyiza vyakorewe abanyagihugu ; na we nyene uwaronse ako gashimwe yavuze ko abishimira cane, ashimira umugwi wiwe, abafatanyabikorwa n’abamushigikira bose ; Umukuru w’Igihugu, Ndayishimiye Évariste, na we yarakeje uwo mupfasoni, avuga ko iryo shimwe rije gushimangira ibikorwa vyiza vyakozwe no guteza iteka Uburundi ku rwego mpuzamakungu.

 

 

DAM, NY, AGNEWS : burundi-agnews.org, Ku wa mungu 19 Ndamukiza 2026 | IFOTO : Le Burundi aux Nations Unies (New York) – Ntahiraja Thérence ; Fondation Bonne Action Umugiraneza ; Présidence du Burundi