banniere burundi
capture d’écran du 2026 04 19 22 25 22

Burundi, Uburundi : Fondasiyo Bonne Action Umugiraneza yaronse agashimwe k’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’abanyagihugu 2026

Agashimwe mpuzamakungu kerekana ibikorwa vyiza vyitaho imibereho myiza y’abanyagihugu. Bruxelles (Ububiligi), 19/04/2026 (BdiAgnews) – Uburundi bwongeye kwibonekeza neza ku rwego mpuzamakungu inyuma y’itangazwa ry’uko Agashimwe k’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ku bijanye n’abanyagihugu – umwaka wa 2026 (mu gisata c’amashirahamwe) kagiye guhabwa Fondation Bonne Action Umugiraneza, ishirahamwe riyoborwa n’Umufasha w’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Ndayubaha Angeline; aka gashimwe gakomeye…

Read Full News
bdi burundi frnb globalisation 04 14052026 frnbbi

Burundi , Uburundi / Kwivuna abansi – Mpuzamakungu : Abasirikare b’Uburundi bariko barahabwa inyigisho zihanitse muri Somaliya

Ugukomeza ubushobozi bwa tekinike ku basirikare b’Uburundi bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro. Jowhar (Somaliya), 13/04/2026 (BdiAgnews) – Ku bufasha bwa United Nations Mine Action Service hamwe na United Nations Support Office in Somalia, abasirikare 32 bo mu mutwe w’Uburundi uri mu butumwa bwa African Union Support and Stabilization Mission in Somalia batanguye ku wa…

Read Full News
capture d’écran du 2026 04 13 23 17 57

Burundi , Uburundi / Dipolomasi – Ububiligi : Ntahiraja Thérence akomeza gutsimbataza imigenderanire i Bruxelles

Kwiyitaba umuhuro w’abadipolomate vyamufashije gukomeza imigenderanire mpuzamakungu. Bruxelles (Ububiligi), 13/04/2026 (BdiAgnews) – Intumwa nkuru y’Uburundi mu Bubirigi, Ntahiraja Thérence, yaritavye umusangiro w’abadipolomate wateguwe na Press Club Brussels Europe, urubuga ruzwi cane ruhuriramwo abamenyeshamakuru, abadipolomate n’abakora mu vy’itumanaho ; muri uwo muhuro, uwo mudipolomate w’Uburundi yarashimiye cane Laurent Brihay, umuyobozi mukuru w’ico kigo, ku bw’ugutumirwa, kuko…

Read Full News
bdi burundi vumera 04 09042026 vumera

Burundi, Uburundi / Umuco : Vumera Club ihagarariye Uburundi muri MASA muri Côte d’Ivoire

Ingoma z’Uburundi ziriko zirakwiragiza umuco w’igihugu ku rwego rwa Afrika no kw’isi yose. Abidjan (Côte d’Ivoire), 9/04/2026 (BdiAgnews) – Uburundi, Ingoma y’Uburundi, ni igihugu c’Ingoma, igihugu c’ubwami bubiri (dyarchie), igihugu c’amateka maremare cane ku mugabane wa Afrika. Umukuru wa mbere ni Karyenda, Ingoma Nyeranda, iserukira Mukakaryenda, Umugore w’Ingoma, arongoye isi itaboneka. Umukuru wa kabiri ni…

Read Full News