Burundi , Uburundi : Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yifadikanije n’abanyagihugu mu bikorwa vya TDC i Matongo
Abanyagihugu bitavye ari benshi mu bikorwa vy’iterambere rusangi, bishigikiwe n’imfashanyo zikomeye z’amasima n’amafaranga. Butanyerera, 9/05/2026 (BdiAgnews) – Mu gihe hari hahari abayobozi batandukanye bo ku rwego rw’intara n’igihugu, harimwo Umukuru w’Inama Nshingamateka, Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, abashingamateka batorerwa muri iyo ntara, indongozi kavukire n’abandi batumirwa, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Ndayishimiye Évariste, Général-Major, ari…
