ITANGAZO No 21/CNDD-FDD/ 31 MUKAKARO 2002 


Ibiduga vy-ingwano cumi na bitandatu vyuzuye abasoda b-Abaganda vyaraye bishitse mu KIBIMBA, mu ntara ya GITEGA aho baje basanga abasoda b-amakambi ya 401 y-i Kigali n-iya 305 y-i Butare bimuriwe mu Burundi ngobafashe igisoda ca Buyoya kiri mu mazi abira.

Naho iyo ngendo y-Urwanda n-Ubuganda iteye kubiri n-umugambi w-amahoro, Umuhari CNDD-FDD urongeye kwemeza ko ubandanya gushigikira ibiganiro hagati y-abatana mu mitwe kuko ariyo nzira yonyene yogarura amahoro arama mu Burundi biciye mu mishikirano.

Umuhari CNDD-FDD uriyamirije iyo migambi igayitse y-igisoda c-Uburundi n-abo bicuditse kandiuramenyesheje Abarundi n-Amakungu ko utazorera amaboko igihe cose abanyagihugu bazoba batewe.

 

Makamba , kuwa 31 Mukakaro 2002

Ku bw-Umuhari CNDD-FDD

Lt Gélase Daniel NDABIRABE

Umuvugizi

News Reporter
Informations sur le Burundi depuis 1996