{jcomments on}E.N., AGNEWS, Bujumbura, le 12 avril 2010  – [ 10 avril 2010] –  Uy munsi igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2010 niho umupfasoni w umukuru w igihugu  Dénise NKURUNZIZA yaronswa imfashanyo igizwe n imipfuko igihumbi y isima ,ikaba yatanzwe na Joseph Charles HOYE wo muri OUGANDA ari kumwe n umupfasoni wiwe,iyo mfashanyo ikaba izofasha mu kubandanya igikorwa cari catanguye co kwubaka ishure riri muri ntara ya Ngozi,iryo naryo rikaba ririko ryubakishwa nuwo mupfasoni wumukuru w igihugu mu ntumbero yo gufasfa ikigo fondation UBUNTU kijejwe gufasfa ba ntahonikora na cane cane impfuvyi n abapfakazi.

C’est aujourd’hui en date du 10 Avril 2010 que la première dame Denise NKURUNZIZA a reçu un don constitué par 1000 sacs de ciments octroyés par Joséph Charles HOYE de l’OUGANDA accompagné par sa femme. cette aide va contribuer dans la construction d’une école qui était déjà en cours ,signalons que cette école en construction se trouve à Ngozi et se construis sous l’initiative de la première dame Denise NKURUNZIZA dans le cadre d aider le centre UBUNTU chargé de venir en aide les pauvres surtout les veuves et les orphelins.

[06 avril 2010] – Ku munsi wa kabiri igenekerezo rya gatandatu Ndamukiza 2010, niho bibuka uwahoze ari umukuru w igihugu Cyprien NTARYAMIRA amaze imyaka 16 ashengeye.
Ibirori vyatanguwe n inkuka ya misa yaherejwe n umwungere wa diyoseze nkuru ya Bujumbura ,Musenyeri Evariste NGIYAGOYE kuri cathédrale Rejina MUNDI,abategetsi batari bake bari bitavye ivyo birori :
-Umukuru w igihugu be n umutambukanyi wiwe
-Ivyegera vyiwe uko ari bibiri
-Abashikiranganji
-Abashingamateka be n abakenguzamateka,eka n abandi.
Ibirori vyabandanirije kuntatemwa yiwe.perezida NTARYAMIRA yatwaye ikiringo c amezi abiri gusa ,akaba yapfiriye mu ndege yakorotse ari kumwe n umukuru w igihugu c URWANDA ,HAVYARIMANA yari ahari ico gihe ,gushika ubu aka ata tohozwa riraba ku rupfu rwiwe.

Ce Mardi en date du 6 Avril 2010 a eu lieu la commémoration du 16ème annivesaire de la mort du président Cyprien NTARYAMIRA. Les cérémonies ont été introduites par une messe célébrée par Mgr Evariste NGOYAGOYE de l archidiocèse de Bujumbura à la cathédrale Regine MUNDI.
Plusieurs pérsonnalités étaient présentes:
-le président de la république et sa femme
-Ses deux vices
-Les sénateurs et députés
-Les ministres ,ect.
La suite des cérémonies s est déroulée à la tombe.
Signalons que le Président NTARYAMIRA a gouverné deux mois seulement ,il a trouvé la mort dans une crache d avion avec le président HAVYARIMANA qui gouverné dans cette même période au RWANDA et jusqu ici l enquête sur l attentat qui a emportée le président Cyprien NTARYAMIRA n est pas encore faite.

 

News Reporter

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *